Reta irongowe n'umurwi Hamas mu ntara ya Gaza, yatangaje ko Abanyapalestina barenga 300,000 batahutse mu buraruko bw'iyo ntara.
Abo banyagihugu bari bavanywe mu vyabo n’ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas, kuri uyu wa mbere, bagarutse mu buraruko bw’intara ya Gaza. Hari inyuma y’uko Israyeri yuguruye urubibe, ikabarekurira gusubira muri ako karere.
Benshi muri abo banyapalestina bagenda n’amaguru, bari batwaye ivyo bashoboye gutahukana, igihe bagaruka kuraba niba inzu zabo basize igihe bahunga, zigihagaze.
Yamara ibice binini vy’intara ya Gaza vyacitse ubunywenywe kubera ibitero vy’amabombe vya Israyeri vyahiga abarwanyi b’umurwi Hamas. Ivyo bice vyasanbuwe kandi n’amabombe uwo murwi wateze mu nyubakwa zitari nke.
Abantu bagera ku muliyoni barategetswe kuva mu buraruko bw’intara ya Gaza, igihe Israyeri yatangura ibitero mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023. Gushika ubu, igisirikare ca Israyeri cari cabankiye kugaruka muri ico gice.
Ugutahuka kw’Abanyapalestina mu buraruko bw’intara ya Gaza, kubaye mu ntango y’amasezerano y’indwi zitandatu yapfunditswe hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas.
Yatumye Abanyayisrayeri 7 bari bagizwe imbohe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza barekurwa, mu gihe Abanyapalestina 300 bari bapfungiwe mu mabohero yo muri Israyeri na bo nyene barekuwe. Imfashanyo zigenewe intara ya Gaza zariyongeye. (VOANEWS)
Forum