Ukraine yatangaje ko ibitero vya drone vy'Uburusiya vyasambuye inyubako zififiye akamaro gakomeye igihugu mu bisagara vyo mu burengero, hagati no mu buseruko bwayo.
Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine catangaje ko casambuye drone 57 kw’i 108 inteko z’Uburusiya zakoresheje mu bitero vyazo vyo mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa mbere.
Izo drone zasamburiwe mu kirere co mu ntara za Dnipropetrovsk, Ivano-Frankivsk, Kharkiv, Khmelnytsky, Kiev, Poltava, Sumy, Vinnystia na Zhytomyr.
Bulamatari w’intara ya Dnipropetrovsk, Serhiy Lysak, mu butumwa ku rubuga Telegram, yavuze ko ibitero vy’Uburusiya vyakomerekeje abantu batari musi ya 5 mu gisagara ca Nikopol.
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya, bwatangaje ko ibikoho birasa, misile na drone vyasambuye drone 32 za Ukraine, harimwo izasamburiwe hejuru y’intara za Voronezh, Belgorod, Kursk, Oryol na Tver.
Bukamatari w’intara ya Belgorod, Vlacheslav Gladkov, mu butumwa ku rubuga Telegram, yavuze ko igitero ca drone ca Ukraine, casambuye inzu imwe, yamara ko atabapfuye canke ngo bakomereke.
Muri ico gihe, umuvugizi w’ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko abategetsi b’Uburusiya batararonka ibimenyetso ivyo ari vyo vyose ku nama ishobora kuba hagati ya Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin na Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.
Yabitangaje imisi mikeyi inyuma y’uko Prezida Putin avuze ko we na Prezida Trump botegerezwa kuganira ku ngwano muri Ukraine hamwe no ku biciro vy’amasoko ntanganguvu. (VOANEWS)
Forum