Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, rihangayikishijwe n’umutekano w’abasivile bo mu buseruko bwa Kongo, cane cane ababa mu gisagara ca Goma “kiri mu minwe y’abarwanyi ba M23”.
Iryo shirahamwe rivuga ko ukuba abarwanyi ba M23 bashoboye kwinjira i Goma, bishobora kugeramira ubuzima bw’abasivile bo muri ico gisagara, kandi ibitigiri vy’abagiye guta izabo, bigiye kwiyongera cane.
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Goma kiri mu buseruko bwa Kongo, babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, bahanahanye ama videwo yerekana abarwanyi ba M23 batambuka mu mabarabara atandukanye y’ico gisagara, bamwe mu banyagihugu bariko barabarorera, baza baracishamwo babakomera amashi.
Umunyekongo Blaise Karege, umushakashatsi mu vya politike n’umutekano, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abanyagihugu bakiriye neza abarwanyi ba M23, kandi ko impamvu z’ino ntambara yabaye urudaca, zahindutse.
Yagize ati:" Abanyagihugu bariko bararirimba mu mabarabara. Sindabizi ko babikora kubera urukundo babafitiye, canke kubera ubwoba. Sinobimenya. Intambara zabanjirije, zari iza politike. Ubu yamara hinjiyemwo n’ikibazo c’amoko, kandi si agaseseshwa rumuri, M23 isa nk’iyishigikiwe cane.”
Abarwanyi ba M23 binjiye I Goma, inyuma y’indwi zitari nke bigaruriye uturere duhana urubibe n’u Rwanda, rwagirizwa gushigikira uwo murwi. Bari bahize ko bazohemuka bafashe ico gisagara.
Patrick Muyaya avugira reta ya Kongo, yemeje ko Goma yafashwe agira ati: “Goma yuzuyemwo abasirikare b’u Rwanda. Turahumurije abanyagihugu, ko reta iriko ikora ibishoboka vyose kugira ntihagire abahasiga ubuzima. Dusavye abanyagihugu b’i Goma kuguma mu mazu yabo, kwirinda kwihanira no gusahura, kurwanya ibinyoma vy’u Rwanda. Dusavye abanyekongo aho bari kw’isi hose gushigikira abanyagihugu bo muri Kivu ya ruguru n’ingabo zacu. Twese tubwirizwa kurinda ubutaka bwacu. Nta centimetero n’imwe tuzemera gutakaza.”
U Rwanda, ku wa Mungu rubicishije mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire na rwo rwagize ruti: “Ibinyoma bivugwa n’impande zitandukanye ku vya Kongo, ntibishobora kuzana umuti.”
Bamwe mu basirikare ba Kongo n’abarwanyi ba Wazalendo bahunze. Ibiro vya ONU I Goma vyemeje aya makuru, bivuga ko hari abatanze ibirwanisho vyabo muri ivyo biro, abandi baja mu Rwanda.
Hagati aho, ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryabwiye Ijwi ry’Amerika ko rihangayikishijwe n’umutekano w’abasivile b’i Goma. Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mukuru ajejwe umugabane wa Afrika muri iryo shirahamwe yabisiguye muri aya majambo: “Turafise ivyemezo vy’ingene bishe abantu. Hari abafashwe ku nguvu, muri bo harimwo abafashwe ku nguvu mu kivunga. Ejo mw’ijoro, twararonse amakuru y’abarwanyi bo muri Wazalendo biriwe barasahura mu mihana y’abanyagihugu. Ku rundi ruhande, M23 muri kahise yarigeze kubangamira abanyagihugu, aho vyashika ikica abo yagiriza gushigikira abasirikare ba Kongo, canke reta y’ico gihugu.”
Abarwanyi ba M23 bavuga ko intambara yabo, igamije kurwanira abanyagihugu “bamaze igihe kirekire bakorerwa amabi arimwo ubwicanyi n’abasirikare ba Kongo, hamwe n’imirwi iri ku ruhande rw’abo basirikare.”
Mu gihe ONU yasavye M23 gushira ibirwanisho hasi vyihuse, no kuva mu bice vy’ubuseruko bwa Kongo yigaruriye, Umushakashatsi mu vya politike n’umutekano Blaise Karege, avuga ko bizogorana ko M23 iva mu burere yigaruriye. Yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: " Bavuga ko badashobora kuva muri ivyo bisagara kubera bariko bakingira umutekano w’abana babo n’abavyeyi babo. Kuba barigaruriye ivyo bisagara ni ikarata bazokinisha kugira bakorane ibiganiro n’ubutegetsi bwa Kinshasa. Sindiko ndabona bava mu bisagara vya Goma, Masisi na Ruchuru.”
Abarwanyi ba M23 baheruka kwigarurira igisagara ca Goma mu 2012. Ico gihe, bemeye kukivamwo biciye mu masezerano y’amahoro bagiriranye na reta ya Kongo. Mu 2021, ni ho basubiye kugaba ibitero, bavuga ko reta ya Kongo itigeze yubahiriza ivyari muri ayo masezerano. Ubutegetsi bwa Kongo buvuga ko kugira habe ibiganiro, M23 ibwirizwa kubanza gushiora hasi ibirwanisho (VOA News).
Forum