Uko wahagera

Gabon mu Nzira yo Kugarukana Intwaro ya Gisivire


Reta mfatakibanza y'imfata kibanza muri Gabon yatangaje ko izokoresha amatora y'umukuru w'igihugu kw'italiki 12 y'ukwezi kwa kane kw'uyu mwaka wa 2025.

Iyi, ni intambwe ikomeye mu gifatwa nk'intumbero yo kugarukana intwaro y’igisivile inyuma ya kudeta yakuyeho ubutegetsi bw’umuryango wa Bongo, bwari bumaze igihe kirekire muri ico gihugu.

Umuvugizi wa reta muri Gabon, Seraphin Akure Davain, yatangaje iyi nkuru avuga ko amatora azotangura igihe c’isaha imwe yo mu gitondo, arangire isaha cumi na zibiri zo ku muhingamo, hisunzwe amategeko ahari muri iki gihe.

Gabon, ni igihugu gitunze ibiroto, catwawe n’umuryango wa Bongo mu kiringo c’imyaka 55, caremeje ibwirizwa shingiro rishasha muri matota yatunganijwe mu gihugu cose “referandumu” mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye.

Iryo bwirizwa shingiro ritegekanya ibiringo vy’umukuru w’igihugu bibiri vy’imyaka indwi. Ntiritegekanya umushikranganji wa mbere canke guhererekanya ubutegetsi ku bagize umuryango umwe.

Ku musi wa mbere, itegeko rishasha ryemejwe riraha abategetsi b’abasirikare uburenganzira bwo kwitoza, hari ibibanje gusabwa. Prezida w’imfatakibanza, Jenerali Brice Oligui Nguema, yafashe ubutegetsi muri kudeta yabaye mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2023. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG