Uko wahagera

Ibihugu vya Sahel Bizorungika Inteko 5000 Mu Karere Kavyo Karimwo Umutekano Muke


Ibihugu vyo mu karere ka Sahel biyobowe n'abategetsi b'abasirikare vya Nijeri, Burkina Faso na Mali zizorungikwa vuba mu ntara irimwo umutekano muke vyatunganirije hamwe inteko 5.000.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Nijeri, Salifou Mody, yatangaje ko izo nteko nshasha zizoba zifise ibikoresho vyazo vya gisirikare n’uburyo bukwiye bw’iperereza. Zizokorera ku butaka bw’ibihugu vyompi uko ari bitatu. Ivyo bihugu vyarapfunditse kandi amasezerano yo gukorera hamwe.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Nijeri yavuze ko inteko z’urunani ziteguye, kandi ko bizofata indwi nkeyi gusa kugira zibonekeze ku butaka bw’ibihugu vyazitunganije. Yarasiguye ko hari ibikorwa vy’izo nteko bimaze gutangura.

Gukorera hamwe hagati y’ibihugu vya Nijeri, Burkina Faso na Mali vyakwirikiye ingingo y’ivyo bihugu yo kuva mw’ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG