Uko wahagera

Gaza: Isirayeri Izobandanya Igenzura Urubibe rwo mu Karere ka Rafah


Ku mupaka wa Rafah intara ya Gaza ihana na Misiri
Ku mupaka wa Rafah intara ya Gaza ihana na Misiri

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, kuri uyu wa gatatu, vyatangaje ko Israyeri izobandanya igenzura ikibanza urubibe rwo mu karere ka Rafah, mu ntara ya Gaza, mu kiringo ca mbere c’amasezerano yerekeye agahengwe hagati ya Israyei n’umurwi Hamas.

Ico kibanza ca Rafah kiri ku rubibe n’igihugu ca Misiri. Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, vyahakanye amakuru avuga ko ubutegetsi bw’Abanyapalestina, buyobora intara ya Sijordaniya, bushobora kuzogenzura urwo rubibe.

Abaserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya bazokwirikirana ibibera muri ico kibanza ca Rafah. Muri iki gihe inteko za Israyeri ni zo zikikuje ako karere, kandi Israyeri ni yo iha uburenganzira abantu n’ibintu bwo kwinjira no gusohoka muri ico kibanza.

Israyeri igenzura ako karere kuva mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 2024. Ni mu ntumbero yo kwomora umurwi Hamas mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG