Uburusiya, kuri uyu wa kabiri, bwiyamirije ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo gusubiza Cuba ku rutonde rw'ibihugu bifasha imirwi y'iterabwoba.
Uburusiya bwatangaje ko iyo ngingo ifise umugambi wo guhungabanya igihugu ca Cuba no gutuma haba ihinduka ry’intwaro muri iryo zinga. Prezida Trump, ku musi wa mbere, yarahinduye ingingo yari yafashwe n’uwo yasubiriye, Joe Biden yo gukura Cuba ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya, Maria Zakharova, yatangaje ko ata nkeka ko ingingo ya Prezida Trump igenewe gukomeza kurushiriza ingingo Amerika yafatiye Cuba mu vyerekeye amafaranga n’ubutunzi, mu ntumbero yo guteza umudurumbanyo no gutuma ubutegetsi buhinduka muri ico gihugu. Zakharova yavuze ko iyo ngingo idafise insiguro kubera Cuba ikorana n’amakungu mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba.
Maria Zakharova yavuze ko Uburusiya buzobandanya gushigikira mu buryo bukenewe Cuba mu mugambi wayo wo gukuraho bidatevye ibihano bitisunga amategeko kandi bisinzikaza abanyagihugu yafatiwe na Amerika.
Uburusiya na Cuba vyarakomeje imigenderanire hagati yavyo kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine mu mwaka w’i 2022. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu, Sergei Lavrov, yaragendeye Cuba mu mwaka urangiye w’i 2024. (AFP)
Forum