Uko wahagera

Afuganistani na Amerika Bahanahanye Imbohe


Ryan Corbett w'imyaka 42. Ari mu banyamerika bivugwa ko barekuwe. Ino foto yafashwe mu 2020
Ryan Corbett w'imyaka 42. Ari mu banyamerika bivugwa ko barekuwe. Ino foto yafashwe mu 2020

Abategetsi b'Abatalibani, kuri uyu wa kabiri, batangaje ko barekuye Abanyemerika 2, mu gihe umwe mu banywanyi babo yari apfungiwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagirizwa ivyaha vy'iterabwoba no kugurisha ibiyayuramutwe yarekuwe. Hari mu mugambi wo guhanahana abanyororo hagati y'impande zompi.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanare bwa Afganistani, bwatangaje ko Umunyafuganistani yarekuwe yitwa Khan Mohammad. Bwavuze ko ari umwe mu barwanyi b’Abatalibani.

Ubwo bushikirangani bwatangaje ko uwo muntu yafashwe haraheze imyaka mirong ibiri mu ntara ya Nangarhar iri mu buseruko bwa Afganistani. Mu nyuma yaho yararungitswe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho sentare yo ku rwego rw’igihugu yamwegetseko ivyaha. Vyatumye ahabwa igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose muri Reta ya Californiya.

Reta ya Afganistani ntiyatangaje amazina y’Abanyamerika 2 barekuwe. Yamara amakuru yatanzwe n’incuti zabo n’ibinyamakuru vyo muri Amerika yavuze ko abo bantu ari Ryan Corbett afise imyaka 42 na William Wallace McKenty w’imyaka 69.

Umuryango wa Ryan Corbett, kuri uyu wa kabiri, watangaje ko bashimira bivuye inyuma Imana kuba yazigamye ubuzima bwiwe, ikamutahukana mu biwe inyuma y’imisi 894 itari yoroshe na gato.

Guhanahana abanyororo ni igikorwa cari kimaze amezi atari make kiriko kirategurwa. Ico gikorwa cabaye mu masaha ya nyuma Prezida w’umudemokrate, Joe Biden, yari akiri mu mabanga yiwe y’umukuru w’igihugu. Hari imbere y’uko Prezida w’umurepublika, Donald Trump, arahira mu mabanga y’umukuru w’igihugu ku musi wa mbere. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG