Uko wahagera

Abategetsi Batandukanye Barimwo Prezida w'Uburundi Babandanya Gukeza Trump


Prezida Donald Trump kumwe na visi prezida wiwe
Prezida Donald Trump kumwe na visi prezida wiwe

Abategetsi batandukanye bo kw’isi, barimwo ahanini abataje mu birori vyo kwimika Donald Trump mu mabanga wa prezida wa Amerika agira 47, bamukeje.

Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yifashishije amafoto yerekana Donald Trump ariko ararahira yanditse ku rubuga rwiwe rwa X ati: “ Kw’izina rya reta y’Uburundi, n’iryanje bwite, nongeye gukeza cane Nyakubahwa Donald Trump kw’iyimikwa ryiwe ryanditse amateka! Twiteze ko ubucuti bwiza bumaze igihe hagati y’Uburundi na Amerika buzobandanya gutera imbere.” Prezida w’U Rwanda kugera duheza gutegura ino nkuru ntiyari bwamukeze. Ariko intsinzi yiwe icemezwa, nawe nyene yari yaranditse ubutumwa bwo kumukeza ku rubuga rwa X.

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy abicishije ku rubuga rwiwe rwa X, nawe yanditse agira ati: “ Trump yamye ari umuntu azi gufata ingingo. Politike yiwe avuga ko izotuma amahoro agaruka ku nguvu, ni akaryo keza ko guteza imbere no gushigikira uburongozi bwiza bwa Amerika, no gutuma hazoboneka amahoro arama kandi atawurinze kurenganywa. Ibi birihutirwa cane.”

Mu gihe abahanuzi ba Trump bavuga ko ubutegetsi bwa Donald Trump bushobora kuzotuma intambara y’Uburusiya na Ukraine ihagarara mu minsi ijana ya mbere y’uburongozi bwiwe, mu kwezi kwa kabiri, iyo ntambara izoba imaze imyaka itatu itanguye.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu nawe nyene yakeje Prezida Trump. Ku rubuga rwiwe rwa X yanditse ati: “ Nibaza ko gusubira gukorana , bizotuma imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu itera imbere gusumba uko biri ubu. Niteze kubandanya gukorana nawe, kugira abantu bacu bagizwe imbohe z’intambara barekugwe, inguvu za gisirikare za Hamas na politike yayo muri Gaza bizimangane burundu, nizera kandi ko Gaza itazosubira kubera ikibazo Isirayeri.” Amasezerano y’amahoro hagati ya Isirayeri na Hamas yagiye mu ngiro ku wa Mungu, umunsi umwe imbere y’uko Donald Trump atangura manda yiwe ya kabiri.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya NATO ryishinze kwivunira umwansi hamwe mu bihugu vyo mu burengero, Mark Rutte, umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Buraya Ursula von der Leyen n’abandi bategetsi b’ibihugu vya Buraya nabo nyene bakeje Trump.

Chanseriyeri w’Ubudagi Olaf Scholzn yanditse ko “ Amerika ni umufatanyabikorwa wacu wa hagufi. Twama dufitaniye imigenderanire myiza na Amerika.” Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Keir Starmer nawe yanditse avuga ko imigenderanire y’Ubwongereza na Amerika yamye ari myiza kuva kera. Yagize ati: “ Haraheze ibinjana vyinshi, imigenderanire yacu ishingira mu gukorana neza. Mfatiye ku bucuti bwihariye Trump afitaniye n’Ubwongereza, sinkekeranya ko ku ntwaro yiwe ubucuti hagati y’ibihugu vyacu bugiye kwiyongera cane.

Hambavu y’abashimagije Trump, hari abandi bamuneguye. Nka prezida wa Panama José Raúl Mulino yiyamirije umugambi wa Trump wo kwigarurira umuhoro wa Panama. Yagize ati: “ Kw’izina rya republika ya Panama n’abanyagihugu bayo, ndiyamirije amajambo Trump yavuze mw’ijambo ryiwe, agaruka ku vy’umuhora wa Panama yipfuza ko Amerika yigarurira”. Amerika yahevye umugambi wo gufata Panama nk’iyayo mu 1999.

Forum

XS
SM
MD
LG