Uko wahagera

Daniel Chapo Yarahiye mu Mabanga ya Prezida wa Mozambike


Daniel Chabo arahira tariki ya 15/01/2025 i Maputo muri Mozambike
Daniel Chabo arahira tariki ya 15/01/2025 i Maputo muri Mozambike

Daniel Chapo wo mu mugambwe, Frelimo, umaze imyaka irenga 50 uyoboye Mozambike, kuri uyu wa gatatu, yarahiye mu mabanga y'umukuru w'igihugu.

Hari mu birori bititabwe n'abantu benshi inyuma y’imyiyerekano, yamaze amezi n'amezi, yiyamiriza intsinzi yiwe mu matora yaranzwe n'impari.

Daniel Chapo yabwiye abamushigikiye bagera ku 1.500 ko umutekano muri politike n’ibibano ari co kintu reta yiwe izoshimikirako kurusha ibindi. Yonyeye kandi yemera ko azogabanya igitigiri c’ubushikiranganji bwa reta, ko azokwicarira ikibazo c’ubushomoeri mu bakiri bato kandi azoshira imbere ibisata vy’amagara y’abantu n’indero.

Igihe Daniel Chapo yarahira mu mabanga y’umukuru w’igihugu, igice co hagati ku murwa mukuru wa Mozambike, Maputo, casa n’ikigaragara mu gihe abapolisi n’abasirikare bari bahari ku bwinshi.

Cyril Ramaphosa, Prezida wa Afrika y’epfo, igihugu kibanyi ca Mozambike, yari umwe mu bakuru b’ibihugu bake bitavye ibirori vyo kurahira kwa Chapo. Vanancio Mondlane, yahiganywe na Chapo mu matora, akaba yarangije mu kibanza ca kabiri, mu ndwi iheze, yaratahutse mu gihugu avuye mu buhungiro. Yasavye abamushigikiye kubandanya kugira imyiyerekano. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG