Katari, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko ibiganiro vyerekeye amasezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n'umurwi Hamas mu ntara ya Gaza, bigeze ku ntambwe za nyuma, kandi ko impande zompi ziri hafi cane yo gushika ku masezerano.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Katari, Majed al-Ansari, yagabishije ko abantu borindira gushika amasezerano atangajwe.
Katari, Misiri na Leta zunze ubumwe z'Amerika vyarayoboye akigoro kamaze amezi atari make kagenewe kugerageza guhagarika ingwano. Ibiganiro kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Doha bishimikiye ku bintu vya nyuma biri muri ayo masezerano.
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko amasezerano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas ari hafi yo gushikwako.
Mw’ijambo yashikirije mu nyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Prezida Biden yatangaje ko ayo masezerano yotuma abagizwe imbohe barekurwa, ingwano igahagarara, mu gihe umutekano wa Israyeri wokwubahirizwa.
Yasiguye kandi ko ayo masezerano yotuma kandi imfashanyo igenewe Abanyapalestina basinzikajwe bikomeye n’ingwano yatangujwe n’umurwi Hamas yongerezwa. (VOANEWS)
Forum