Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Reta Yatabaye Abacukuzi b'Ubutare 36 Bamaze Amezi mu Kuzimu


Inzego z'ubutabazi n'abategetsi bahagaze ku kirombe kirimo abacukuzi barenga 400
Inzego z'ubutabazi n'abategetsi bahagaze ku kirombe kirimo abacukuzi barenga 400

Abajejwe gutabara muri Afrika y'epfo, bakuye ibiziga vy'abantu 36 mu kibanza gicukurirwamwo ubutare, mu gihe cahagaritse abandi 82 bari bakiri bazima.

Igipolisi cavuze ko abarokotse bose bazokwirikiranwa n’ubutungane ku vyaha vy’uko bacukuye ubutare mu buryo butarekuriwe n’amategeko, hisunzwe kandi amategeko agenga abinjira mu gihugu.

Igipolisi catanguye igikorwa co gukura abari mu kibanza gicurirwamwo ubutare mu kwezi kw’umunani mu mwaka urangiye w’i 2024. Carahagaritse guha ibifungurwa n’amazi abari muri ico kibanza mu kiringo c’amezi atari make.

Hari mu kigoro ko gutuma basokoroka ku nguvu bavuye muri ico kibanza kugira bahagarikwe, mu gikorwa co gufatira ingingo zikomeye abacukura ubutare mu buryo butemewe n’amategeko.

Abandi bagabo amajana n’amajana n’ibindi biziga vy’abantu batari bake baracafatiwe musi y’ubutaka, nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe riharanira uburenganzira bw’abacukura ubutare.

Iryo shirahamwe, ku musi wa mbere, ryarerekanye amasanamu y’ibiziga vy’abapfuye n’abarokotse mu kibanza gicukurirwamwo ubutare basigaye bari ku magufa kubera ikigoyi.

Igikorwa co gutabara abafatiwe muri ico kibanza kizobandanya mu kiringo c’imisi itari mike. Igiplosi camenyesheje ko kizotanga kira musi ibitigiri bishasha vy’abatabawe n’ibiziga vyatowe. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG