Uko wahagera

Isirayeri Yagavye Ibitero ku Bivuko vy'Umuyagankuba muri Yemeni


Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa gatanu, yakoze ibitero ku bibanza bitanga umuyagankuba n’ibivuko muri Yemeni, mu ntumbero yo kwishura ku bitero vya misile na drone, aba Houthi bakoze ku butaka bwayo.

Ico gisirikare ca Israyeri catangaje ko ibibanza cakozemwo ibitero birimwo ivya gisirikare biri mu kibanza gitanga umuyagankuba citwa Hizaz. Ico kibanza ni ryo soko rikuru ry’umuyaganlkuba ukoreshwa n’aba Houthi. Congeye gikora ibitero mu bibanza vya gisirikare mu bivuko vy’ahitwa Hodeida na Ras Issa.

Inyuma y'ivyo bitero, umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, yatangaje ko aba Houthi bariko barahanwa kubera ibitero bakoze incuro zitari nke ku gihugu ciwe. Yongeyeho ko barariha, kandi bazobandanya kuriha bikomeye ku gasomborotso kabo ku gihugu ciwe. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG