Uko wahagera

Abanyepalestina 70 Baguye mu Ntambara ya Hamas na Isirayeri


Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza, kuri uyu wa kane, bwatangaje ko abandi bantu 70 bapfuye mu ngwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas.

Ivyo vyatumye igitigiri c’Abanyapalestina bishwe muri rusangi kuva ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas itangura mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023 kirenga 46.000.

Uretse abishwe, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza, bwatangaje ko abantu barenga 109.300 bakomeretse. Ubwo bushikiranganji ntibutandukanya hagati y’abarwanyi n’abasivile mu gutanga igitigiri c’abapfuye. Yamara bumemnyesha ko abarenga igice mu bapfuye ari abapfasoni n’abana.

Misiri, Katari na Reta zunze Ubumwe za Amerika biriko birafasha mu twigoro two kugerageza gushika ku masezerano yo hagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. Biriko bifasha kandi mu twigoro two kubohoza abagizwe imbohe hamwe no kwongereza imfashanyo igenewe abasivile b’Abanyapalestina.

Ku musi wa gatatu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, yatangaje ko amasezerano ari hafi yo gushikwako. Yatangaje ko afise icizere ko azoshikwako imbere y’uko ikiringo ca Prezida wa Amerika, Joe Biden, kirangira kw’itariki 20 y’uku kwezi kwa mbere.

Ingwano muri Gaza yatanguye kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023, igihe umurwi Hamas wakora igitero ku butaka bwa Israyeri cahitanye abantu 1,200, abandi bagera ku 250 baragirwa imbohe. Haracari abantu bagera kw’ijana bakigizwe imbohe mu ntara ya Gaza, abatari musi y’ica gatatu cabo babonwa ko bapfuye. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG