Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yashimagije Jimmy Carter, yabaye Prezida wa Amerika agira uwa 39 . Hari mu misa yo ku musezera yabereye i Washington DC.
Prezida wa Amerika, Joe Biden, yuguruye ijambo ryiwe ryo gushimagiza nyakwigendera Prezida Jimmy Carter mu kuzirikana ku rugendo yagize mu gisagara c’amavuko ca Carter, ca Plains, muri Reta ya Georgia. Bwari bwo bwa nyuma Prezida Biden yabonye Jimmy Carter imbere y’uko yitaba umuremyi.
Prezida Biden yatangaje ko we n’umutambukanyi wiwe, Jill Biden, bagendeye Jimmy Carter n’umupfasoni wiwe, Rosalyn Carter, ku muhana iwabo, aho babakiye nk’umuryango. Prezida Biden, yatangaje ko ubucuti bwiwe na Carter bwamwigishije kugendera ubushingantahe bishitse, no kwumva ko abantu bose botegerezwa guhabwa icubahiro.
Imisa yo gusezera Jimmy Carter, yabereye muri Katedrale nkuru y’igihugu mu gisagara ca Washington DC, yitabwe n’abaprezida ba Amerika uko ari batanu bakiri bazima, barimwo Donald Trump aheruka gutsunda amatora n’abahoze ari abaprezida, Bill Clinton, Barack Obama na George W. Bush.
Imisa yo gusabira no gusezera Jimmy Carter n’akaryo kadasanzwe aho abahoze ari abaprezida bahuye, imisi mikeyi imbere yuko Donald Trump arahira mu mabanga yo kuborora Amerika mu kiringo kigira kabiri i Washington. (USA TODAY)
Forum