Uko wahagera

Mozambike: Polisi Yaburagije Abagiye Gusanganira Mondlane Atavuga Rumwe na Reta Yahungutse


Venancio Mondlane, umunyapolitike atavuga rumwe na Reta muri Mozambike, kuri uyu wa kane, yatahutse mu gihugu ciwe avuye mu buhungiro. Amasanamu yamwerekanye ariko ava mu ndege ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Mavalane, ku murwa mukuru wa Mozambike, Maputo.

Yavuye mu gihugu mu kwezi kw’icumi mu mwaka urangiye inyuma y’amatora yabayemwo amatora yatumye haba imyiyerekano mu kiringo kitari gito. Ayo matora yarateye uruhagarara n’ubwicanyi mu gihugu, ku buryo abantu barenga 100 bishwe n'abashinzwe umutekano.

Kuri uyu wa kane, inteko zijejwe umutekano zarashe imyuka ibabaza mu maso ku bantu amajana n’amajana bashigikiye Venancio Mondlane bari bakoraniye hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Maputo, kumusanganira.

Igipolisi cazibiye kandi amabarabara aja ku kibuga c’indege inyuma y’uko Mondlane avuze, ku mbuga ngurukanabumenyi, mu ntango z’iyi ndwi ko azotahuka mu gihugu ciwe.

Mondlane yatangaje ko yavuye mu gihugu ciwe kubera yari afise ubwoba ko ubuzima bwiwe bushobora kubangamirwa. Hari inyuma y’uko abayobozi bakomeye babiri bo mu mugambwe wiwe utavuga rumwe na reta biciwe mu modoka barimwo n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.

Forum

XS
SM
MD
LG