Uko wahagera

Amerika Igiye Gushira Ahabona Ivyatohojwe kuri Donald Trump


Jack Smith, umushikirizamanza adasanzwe wa Reta zunze ubumwe z'Amerika
Jack Smith, umushikirizamanza adasanzwe wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Ubushikiranganji bujejwe ubutungane bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kuri uyu wa gatatu, bwatangaje ko bufise imigambi yo gushira ahabona muri iki gihe, igice c'ivyatohojwe kuri Donald Trump, biri mu cigeranyo c'umushikirizamanza adasanzwe, Jack Smith.

Biri mu rwandiko umushikirizamanza adasanzwe, Jack Smith, yarungikiye sentare yungururizwamwo imanza yo ku rwego rw’igihugu yariko irihweza ivyasabwe n’ababuranira Donald Trump vyo kubuza ko icegeranyo kigizwe n’ibice bibiri gushirwa ahabona.

Ivyo mu gihe ivyaha abagirizwa hamwe na Trump babiri bibandanya kwihweza muri dosiye yo muri Reta ya Florida yagiriza Donald Tump ko yagumije mu buryo butarekuriwe n’amategeko inzandiko z’amabanga y’igihugu.

Igice ca mbere c’ico cegeranyo kizoba gishimikiye kuri dosiye ijejwe ukwivanga mu matora. Yamara igice cerekeye dosiye y’inzandiko z’amabanga ya reta c’ico cegeranyo kizokwerekwa gusa abayobozi bakuru b’imirwi ijejwe ibibazo vyerekeye ubutungane mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika kugira bacihweze mw’ibanga, mu gihe urubanza rw’abagirijwe hamwe na Trump kuri iyo dosiye rubandanya.

Aileen Cannon, umucamanza yagenywe na Trump akwirkirana urubanza rw’izo nzandiko z’amabanga y’igihugu, kuri uyu wa kabiri, yari yemeye ibisabwa n’ababuranira Trump, mu gufata ingingo iba irabujije ko icegeranyo c’umushikirizamanza adasanzwe, Jack Smith kuja ahabona.

Mu rwandiko Jack Smith yarungikiye sentare yungururizwamwo imanza yo ku rwego rw’igihugu, yatangaje gushira ahabona igice c’icegeranyo ciwe bizotuma abanyagihugu n’abashingamateka bamenya ibintu bihambaye bibera mu bushikiranganji bujejwe ubutungane, mu gihe inyungu z’abagirizwa zubahirizwa. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG