Uko wahagera

Ukraine Yakoze Ibitero vy'Utudege twa "Drone" mu Burusiya


Inzego zijejwe kuzimya umuriro mu ntara ta Saratov
Inzego zijejwe kuzimya umuriro mu ntara ta Saratov

Ukraine, kuri uyu wa gatatu yakoze ibitero ikoresheje drone mu ntara ya Saratov iri mu Burusiya.

Ivyo bitero vya drone vyononye ibitari bike mu kibanza kirimwo amahinguriro. Bulamatari w’intara ya Saratov, Roman Busargin, yatangaje ko ivyo bitero vyari bigenewe ibisagara bihana urubibe vya Saratov na Engels, akarere karimwo ikibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere c’Uburusiya gikoresha indege z’ingwano zikomeye cane kandi zishika kure cane z’ico gihugu.

Igisirikare ca Ukraine, mu butumwa ku rubuga Telegram, cavuze ko inteko zaco zasambuye ikibanza kibikwamwo ibitoro mu gisagara ca Engels. Ico kibanza gitanga ibitoro bigenewe ikibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere c’Uburusiya muri ako karere.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje ko igisirikare c’Uburusiya casambuye drone 11 za Ukraine mu ntara ya Saratov. Yamara nta na kimwe bwavuze ku vyononekaye muri ako karere.

Ubwo bushikiranganji, kuri uyu wa gatatu, bwatangaje kandi ko igisirikare c’Uburusiya casambuye drone 21 hejuru y’intara za Kursk, Rostov, Belgorod, Bryansk, Krasnodar, Volgograd no mu gice c’ibahari ca Azov.

Muri ico gihe, igisirikare ca Ukraine, kuri uyu wa gatatu, cavuze ko ibitero Uburusiya bwakoze mw’ijororo ryashiriye kuri uyu wa gatatu vyashimikiye mu bice vyo hagati mu gihugu. Ivyo bitero vyarimwo drone 64. Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine catangaje ko casambuye 41 muri izo drone.

Forum

XS
SM
MD
LG