John Mahama, kuri uyu wa kabiri, yarahiye mu mabanga ya Prezida wa Ghana mu kiringo kigira gatatu.
Arahiye mu gihe igihugu ca Ghana kiri mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi bitari bwibonekeze mu bihe vya vuba.
Mahama yatanguye imirimo yiwe ya politike nk’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu mu mpera z’umwaka urangiye. Hari inyuma y’uko yemeye gutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi, ruswa n’ubushomeri igihugu gihanganye navyo muri iki gihe.
Yaremeye gusubiza igihugu mu nzira nziza igihe yimamaza. Yashize imbere ya vyose gusubira kunagura ubutunzi bw’igihugu, asaba abakiri bato gushigikira imigambi yiwe.
Asubiriye uwahoze ari Prezida Nana Akufo-Addo.
John Mahama, afise imyaka 65 muri iki gihe, yarabaye prezida wa Ghana imbere yaho hagati y’ukwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2012 n’ukwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2017.
Yarahiye ubwa mbere mu mabanga y'umukuru w'igihugu igihe Prezida John Evans Atta Mills, yitaba Imana mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2012. Yararangije ikiringo ciwe cari gisigaye, mu nyuma yaho aratsinda amatora yo mu mwaka w’i 2012.
Amatora y’umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka muri Ghana mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2024 yabaye mu gihe ubuzima ku banyagihugu buzimvye bikomeye cane mu buryo bitari bwibonekeze mu bihe vya vuba.
Forum