Jean-Marie Le Pen, yashinze umugambwe utsimbataye cane ku mico n'imigenzo vya kera, Front National mu Bufransa, yitavye Imana afise imyaka 96.
Jordan Bardella, ayoboye umugambwe, Ralliement National, nk’uko umugambwe Front National uzwi muri iki gihe, yavuze ko Le Pen yavuga ivyo abanyagihugu biyumvira. Yatangaje ko Le Pen yamye aharanira inyungu n’ineza y’Ubufransa.
Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, afise ivyiyumviro biri hagati na hagati muri politike, yifatanije mu mubabaro n’umuryango n’abagenzi ba nyakwigendera.
Hari mu butumwa bugufi bwashikirijwe n’ibiro vyiwe. Ubwo butumwa bwatangaje ko yagize uruhara rukomeye mu buzima bw’igihugu mu kiringo c’imyaka 70. Ubwo butumwa bwongeye buvuga ko amateka ari yo azovuga kw’iragi asize.
Jean-Marie Le Pen yari azwi nk’umunypolitike yarwanya bikomeye cane abimukira. Yarashigikiwe n’abantu batari bake, mu gihe abandi bamwiyamirije.
Yarigeze gushika mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2002. Mu nyuma yaho yaravavanuye n’umukobwa wiwe, Marine Le Pen, yahinduye izina ry’umugambwe Front National awita, Ralliement National. Yarirukanye se wiwe mu mugambwe Front National.
Forum