Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden n'umutambukanyi wiwe, Jill Biden, bagendeye kuri uyu wa mbere igisagara ca New Orleans, muri Reta ya Louisiana.
Vyari bitegekanijwe ko bitaba imisa yo kwibuka abahitanywe n'igitero c'iterabwoba cabereye kw'ibarabara ryitwa Bourbon muri ico gisagara. Ico gihe umuntu yariko atwara ikamyoneti yiroshe mu bantu bari bakoraniye kw’ibarabara rigenderwa cane ryitwa Bourbon, mu nyuma yaho yararashe ku bantu bari bahari.
Umushoferi w’iyo kamyo, yitwa Shamsud-din Jabbar, yarishwe mu kurasana kwabaye n’igipolisi. Mw’itangazo mu ntango z’iyi ndwi, Prezida Joe Biden yarerekanye umubabaro wiwe yongera arifatanya n’abanyagihugu bo mu gisagara ca New Orleans. Yatangaje ko ukudacika inkokora kw’abanyagihugu bo muri ico gisagara bikwiriye kubera akarorero igihugu cose. Prezida Biden yavuze ko abanyagihugu bo mu gisagara ca New Orleans barungitse ubutumwa bukomeye, ko batazoreka igitero cabaye ngo kibace inkokora.
Bitegekanijwe ko Prezida Biden ashikiriza ijambo mu misa yo kwibuka abaguye n’abakomerekeye mu gitero c’iterabwoba. Abanyagihugu basanzwe barashobora kuja muri iyo misa, naho ibibanza biharuye. Abategetsi b’ico gisagara bahanuye abashaka kuza muri iyo misa gushika kare kubera ingingo zikomeye cane zerekeye umutekano zafashwe. (AP)
Forum