Uko wahagera

Ghana Yakuriyeho Viza Abanyafurika Bagendera Ico Gihugu


Kopi ya viza ya Ghana
Kopi ya viza ya Ghana

Ghana yafashe ingingo ko kuva mu ntango z'uyu mwaka w'i 2025, ko Abanyafrika batazokenera viza kugira baze muri muri ico gihugu. Prezida Nana Akufo-Addo yari yatangaje iyo ngingo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2024.

Abitegereza ibintu n’ibindi batangaje ko iyo ngingo izokomeza kurushiriza ibisata vy’ingenzi, ubudandaji n’ingendo muri Ghana. Imbere yaho bari batangaje ko gusaba abantu viza kugira bemererwe kuza mu gihugu, yari intambamyi ikomeye ku bijanye no guteza imbere ivyo bisata.

Ghana yahoze irekurira gusa abantu baturuka mu bihugu 26 vyo ku mugabane wa Afrika kwinjira ku butaka bwayo badakoresheje viza, mu gihe abava mu bindi bihugu 25 baronka visa bahashitse. Imbere y'iyi ngingo, abantu baturuka mu bihugu bibiri gusa vyo muri Afrika nibo bategerezwa kuronka visa imbere y’uko bagendera ico gihugu.

Ghana ibaye igihugu kigira 5 ku mugabane wa Afrika kirekuriye abantu bose bafise pasiporo zo muri Afrika kwinjira ku butaka bwayo batabanje gusaba viza. Ibindi bihugu ni u Rwanda, amazinga ya Seyishele, Gambiya na Benin.

Iyi ngingo kuri viza ya Prezida Nana Akufo-Addo ishyizwe mu ngiro imbere y'itariki indwi ya kuno kwezi ubwo prezida mushya watowe azotangura azarahirira kuyobora igihugu. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG