Igisata c’inyamiramabi muri Amerika, FBI, kivuga ko umugabo yishe agonze abantu 15 mu gisagara ca New Orleans kiri muri Reta ya Louisiana aha muri Amerika ku munsi w’ubunani ashobora kuiba yakoze ubwo bubisha afatikanije n'abandi bantu. Hambavu yo kwica abagera kuri 15, uwo mugabo yakomerekeje 35 barimwo abapolisi 2.
Prezida wa Amerika Joe Biden yaraye ashikirije ijambo abanyagihugu ababwira bishasha ku vyo amatohoza yerekanye ku wakoze iryo bara: Yitwa Shamsud-Din Jabbar. Ni umunyamerika w’imyaka 42, yavukiye muri reta ya Texas. Yarabaye umusirikare wa Amerika mu kiringo c’imyaka myinshi, yongera aba mu murwi w’abasirikare b’inseruka rukamvye.
Prezida Biden abandanya kuvuga ko amasaha make y’imbere yo gukora ibara, yashize ku mbuga ngurukanabumenyi amavidewo yerekana ko ububisha yakoze, yabukoze yisunze ivyiyumviro yari ashigikiye vy’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu.
Imodoka yagongesheje abari mw’ibarabara bahimbaza umwaka mushasha yari inkoteshanyo yo mu bwoko bwa Ford. Yariko idarapo riranga intagondwa ziyitirira idini rya isilamu kandi yarimwo ibirwanisho.
Itangazo ry’ibiro vy’inyamiramabi muri Amerika, FBI naryo rivuga ko mw’isakwa ryakozwe muri karitiye ikundwa cane n’ingenzi iryo bara ryabereyemwo, hari ibisasu birimwo ibi bombe vyo gutega bisa nk’ivyari mu muduga wa Shamsud-Din Jabbar bahasanze.
FBI ivuga ko mu vyo igitohoza, harimwo kumenya ubucuti yari afitaniye n’intagondwa zo mu murwi wa ISIS wiyitirira idini rya Isilamu, hamwe no kumenya niba hari abandi bari basangiye umugambi.
Forum