Uko wahagera

Somaliya Yatujije Igitero c'Abiyahuzi ba Reta ya Kiyislamu.


Inteko za reta muri Puntland
Inteko za reta muri Puntland

Inteko zijejwe umutekano za Somaliya zatujije igitero c'abiyahuzi ba reta ya kiyislamu.

Ryari irya mbere reta ya kiyislamu yari igerageje igitero nk’ico muri Somaliya. Ico gitero cabaye indwi zitari nke inyuma y’uko intara isa n’iyigenga ya Puntland itangaje ibitero bikomeye kuri reta ya kiyislamu, n’umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida.

Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka ya Puntland yariko agendera ikambi y’igisirikare yatewe igihe igitero ca reta ya kiyislamu caba.

Kapiteni Yusuf Mohamed, ari mu nteko zijejwe kurwanya iterabwoba mu ntara yasiguye ko abiyahuzi icenda ba reta ya kiyislamu bishwe, abasirikare ba reta indwi barakomereka.

Abahinga mu vyerekeye umutekano batangaje ko reta ya kiyislamu muri Somaliya yongereje inguvu zayo kubera abarwanyi batari bake b’abanyamahanga baje muri ico gihugu.

Basiguye ko igitero ca reta ya kiyislamu cari kigenewe gutanga ubutumwa imbere y’ibitero kuri uwo murwi vyimirije gukora n’inteko za Reta ya Puntland.

Forum

XS
SM
MD
LG