Ubufransa, kuri uyu wa kabiri, bwatangaje ko bwakoze ibitero ku birindiro vya reta ya kiyislamu mu gihugu ca Siriya bukoresheje indege z'ingwano.
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubufransa, Sebastien Lecornu, mu butumwa yashize ku rubuga X, yatangaje ko ivyo bitero vyabaye ku musi w’Imana urangiye.
Yamara ntiyavuze ku buryo butomoye igice vyabereyemwo muri Siriya. Ibitero vy’Ubufransa vyabaye inyuma y’ibitero bitari bike vy’indege z’ingwano za Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu bibanza bikoreshwa na reta ya kiyislamu.
Ivyo bitero vyabaye mu ndwi z’inyuma y’uko prezida wa Siriya Bashar al-Assad akuwe ku butegetsi.
Ibitero vy’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyabaye mu gihe hari ibibazo kuri kazoza ka politike n’umutekano muri Siriya inyuma y’uko reta ya Assad isenyutse.
Abarwanya ubutegetsi bakuye ku butegetsi Prezida Bashar al-Assad, batangaje ko bazosambura imirwi yose irwanya ubutegetsi, bakayinjiza mu gisirikare c’igihugu.
Uyu musi ku wa kabiri kandi, abategetsi bashasha ba Siriya batangaje ko bagenye Murhaf Abu Qasra mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mushasha.
Qasra yari umutegetsi akomeye mu murwi Hayat Tahrir al-Sham wayoboye abarwanya ubutegetsi mu rugamba rwo gukura Prezida Assad ku butegetsi.
Forum