Uko wahagera

Abantu 71 Bapfuye Bazize Impanuka y'Ikamyo Yaguye mu Ruzi muri Etiyopiya


Ikamyo yari yuzuye abantu yaguye mu ruzi, mu gice citwa Bona mu ntara ya Sidama
Ikamyo yari yuzuye abantu yaguye mu ruzi, mu gice citwa Bona mu ntara ya Sidama

Muri Etiyopiya, abantu barenga 70 bapfuye igihe ikamyo yari yuzuye abantu yagwa mu ruzi, mu gice citwa Bona mu ntara ya Sidama iri mu bumanuko bw'igihugu.

Umuguvizi wa Reta y’intara ya Sidama, Wosenyeleh Simion, kuri uyu wa mbere yatangarije itangazamakuru ko abapfuye barimwo abagabo 68 n’abapfasoni batatu.

Yasiguye ko abantu batanu bameze nabi cane, bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vyo mu gice ca Bona. Uwo muvugizi yongeye avuga ko ikamyo yagize isanganya yahushije ikiraro ica igwa mu ruzi, kandi ko ibarabara yariko icamwo ryari rifise amakorosi menshi.

Uwo muvugizi wa Reta y’intara ya Sidama yatangaje ko bamwe mu bari mw’ikamyo yagize isanganya, bari bavuye mu birori vy’ubugeni. Yongeyeho ko imwe mu miryango yabuze abantu batari bake, kandi ko igipolisi co muri iyo ntara cari catanze amakuru avuga ko iyo kamyo yari itwaye igitigiri c’abantu umurengera, bikaba biri mu mpamvu zatumye igira isanganya.

Amasanganya y’imodoka yiha inkumbi ni ibintu biba kenshi muri Etiyopiya, aho ibisabwa ku badereva bitubahirizwa kandi imodoka nyinshi zidafatwa neza.

Abantu batari musi ya 38, benshi muri bo abanyeshule, barapfuye mu mwaka w’i 2018, igihe bisi barimwo yagwa mu manga mu ntara irimwo imisozi mu buraruko bw’igihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG