Gervais Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu mu Burundi, ari muri ico gihugu yavuyemwo mu 2015 ahunze. Mu kiganiro cihariye yagiranye n'Ijwi ry'Amerika, yasiguye ko yagiye mu Burundi guherekeza umuvyeyi wiwe aheruka kwitaba Imana.
Ku kabazo ko kumenya nimba ukuba ari mu Burundi vyofatwa nko guhunguka burundu, Rufyikiri yishuye ko uguhunguka bitegurwa, ubu yagiyeyo gihutihuti kugira ashobore guherekeza Mama wiwe.
Muri ico kiganiro, yagarutse ku mubonano yagiranye na Prezida Evariste Ndayishimiye, avuga ko ari umubonano wagenze neza. Avuga ko bavuganye ibintu vyinshi biraba igihugu muri vyo, harimwo ivya politike, umubano, ubutunzi n'ibindi.
Ku bwa Gervais Rufyikiri, ugereranije no mu 2015, mu Burundi hari ivyahindutse, ariko hari ibindi bikirimwo utunenge dukwiye gukosorwa. Fyonda hasi wumve uko yabisiguye mu kiganiro cihariye, uwo yahoze mu mabanga atandukanye yo ku rwego rwo hejuru mu Burundi yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe.
Gervais Rufyikiri asubiye mu Burundi inyuma y'imyaka 9 atabujamwo. Igihe yava muri ico gihugu mu kwezi kwa gatandatu ko mu 2015 ahunze, yandikiye ikete Umuhisi Petero Nkurunziza, amubwira ko adashigikiye ikiringo ciwe ca gatatu, catumye abaharurwa mu mu bihumbi n'ibihumbagiza barimwo abanyagihugu, abamenyeshamakuru, abanyepolitike, n'abaharanira agateka ka zina muntu bahunga.
Igihe ahunga, Gervais Rufyikiri yanavuze ko umutekano wiwe utari ukwiye kuko hari umugambi w'abashaka kumugandagura bamuziza kuba yaranse ikiringo ca gatatu ca Prezida Pierre Nkurunziza.
Gervais Rufyikiri yigeze kuba icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu c'Uburundi mu yandi mabanga yigeze kuramutswa, harimwo ukuba umukuru w'inama nkenguzamateka, n'umwe mu bari mu nama y'inararibonye y'umugambwe CNDD-FDD.
Forum