Abategetsi bashasha ba Siriya, kuri uyu wa kane, batanguye ibitero ku barwanyi bashigikiye Prezida yakuwe ku butegetsi, Bashar al-Sssad. Itororokanirizo ry'amakuru rya reta, SANA, rivuga ko ivyo bikorwa vya gisirikare vyashimikiye mu ntara ya Tartous iri mu burengero bw’igihugu, kandi ko bamwe mu bari bashigikiye Bashar al-Assad yakuwe ku butegetsi, bishwe.
Vyabaye umusi umwe inyuma y’uko abarwanyi bashigikiye al-Assad bishe abasirikare 14 ba reta nshasha. Umushikiranganji mushasha ajejwe intwaro yo hagati, mu butumwa ku rubuga Twitter, yatangaje ko abandi barwanyi 10 bakomeretse, mu vyo yavuze ko wari umutego. Yasiguye ko reta yiwe igiye gufatira ingingo zikomeye uwo ari we wese azogeramira umutekano w’igihugu.
Ishirahamwe rikwirikirana ivyerekeye agateka ka muntu muri Siriya, The Syrian Obserevatory for Human Rights, ryavuze ko abasirikare ba reta nshasha batewe igihe bariko bagerageza guhagarika umwe mu bahoze ari abategetsi muri reta ya Assad. Uwo yagirizwa ko yatanze amategeko yo kwica abanyororo mw’ibohero rya karuhariwe ryitwa Saydnaya.
Uyu musi ku wa kane, umutegetsi mukuru w’ishirahamwe ONU, ajejwe impunzi, Filippo Grandi, yatangaje ko impunzi zirenga 50.000 zatahutse muri Siriya mu ndwi zitatu zirangiye. Yamara ubu, ibitigiri vy’impunzi zitahuka bitanguye kugabanuka. Abenshi mu mpunzi z'Abanyasiriya baba muri Turkiya, Libani, Yordaniya, Iraki na Misiri.
Forum