Uko wahagera

Abarenga 6000 Barimwo Intagondwa z'Abajihaditse Batorotse Ibohero muri Mozambike


Rimwe mu mabarabara yabereyemwo imyiyerekano
Rimwe mu mabarabara yabereyemwo imyiyerekano

Abo banyororo bihetse inyuma y’akajagari kabandanya kuba mu bisagara bitandukanye vy’ico gihugu kubera imyiyerekano y’abanse kwemera ko umugambwe Frelimo umaze imyaka 49 ku butegetsi bwa Mozambike ari wo watahukanye intsinzi mu matora ya prezida aheruka kuba muri ico gihugu.

Amakuru yuzuzanya yemeza ko abatorotse bose hamwe barenga 6.000. Abagera ku 33 muri abo, baguye mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abajejwe gucungera iryo bohero. Abakomeretse polisi yatangaje ni 15.

Igipolisi ca Mozambike kivuga ko, gifatikanije n’igisirikare c’igihugu, cashoboye guhagarika 150 mu bari batorotse. Mu banyororo batorotse bakirondezwa uruhindu, harimwo abagera ku 30 bari bapfunzwe kubera ugukorana n’intagondwa z’abajihadiste zimaze imyaka igera kuri indwi ziteza umutekano muke cane cane mu ntara ya Cabo Delgado.

Umukuru w’igipolisi ca Mozambike yavuze ko bahangayikishijwe cane n’izo ntagondwa zatorotse kuko zishobora kubangamira umutekano w'igihugu.

Abategetsi ba Mozambike bavuga ko abamaze kugwa muri iyo myiyerekano yatanguye ku wa mbere ari 21, barimwo abapolisi 2. Amashirahamwe yigenga yo yamara yemeza ko abaguye muri iyo myiyerekano bagera ku 150.

Akajagari kari muri Mozambike gaterwa n’abanse ko umugambwe Frelimo utegeka ico gihugu kuva mu 1975 watahukanye intsinzi mu matora ya prezida. Umurwi utunganya amatora muri ico gihugu, uvuga ko uwo mugambwe watahukanye intsinzi n’amajwi agera kuri 65.17%. Hambavu y’abatavuga rumwe na reta, indorerezi nyinshi zigenga, nazo nyene zavuze ko amatora y'ico gihugu yaranzwe na twa sorobo twinshi. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG