Uko wahagera

Siriya: Imirwi y’Abitwaje Ibirwanisho Yemeye Kwinjizwa mu Gisirikare ca Reta


Abategetsi bashasha ba Siriya, kuri uyu wa kabiri, batangaje ko imirwi yitwaje ibirwanisho yemeye kubishira hasi imbere yo kwinjizwa mu gisirikare ca reta.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’inama hagati y’abayobozi b’imirwi yitwaje ibirwanisho na Ahmad al-Sharaa, yayoboye abarwanya ubutegetsi bakuye ku butegetsi Prezida Bashar al-Assad.

Kuva al-Assad akuwe ku butegetsi kw’italiki 8 y’uku kwezi, ibihugu byo mu karere byararungitse intumwa ku murwa mukuru, wa Siriya, Damas mu ntumbero yo kuronka uumuco ku bibazo ku vyerekeye kazoza ka politike k’ico gihugu, n’impungenge ku vyerekeye ukwiyongera kw’umutekano muke mu karere.

Imwe mu mpungenge zikomeye ni ugusubira gukomera kwa reta ya kiyislamu, yafashe ibice bitari bike mu buseruko bwa Siriya mu mwaka w’i 2014, hamwe n’ibice vyo mu burengero bwa Iraki imbere y’uko itakaza vyinshi muri ivyo bice.

Ku musi wa mbere, igisirikare ca Amerika caratangaje ko cakoze igitero c’indege z’ingwano cahitanye abarwanyi babiri ba reta ya kiyislamu mu gisagara ca Deir Ezzour, mu bureruko bw Siriya.

Ubuyobozi bukuru bw’igisirikare ca Amerika mu burasirazuba bwo hagati no mu bice bya Aziya bwatangaje ko abo barwanyi bari batwaye ikamyo yuzuye ibirwanisho, kandi ko vyafashwe muri ico gitero. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG