Uko wahagera

Etiyopiya na Somaliya Vyumvikanye ku Masezerano y'Ikivuko co mu Ntara ya Somaliland


Etiyopiya na Somaliya vyumvikanye ku masezerano yerekeye ikivuko co mu ntara ya Somaliland.

Abategetsi ba Etiyopiya na Somaliya, kuri uyu wa gatatu, bumvikanye kugirana ibiganiro ku rwego rw’abahinga b’ibibugu vyompi, mu ntumbero yo gutorera inyishu amatati yatanguye igihe igihugu ca Etiyopiya cagirana amasezerano n’intara ya Somalinad yiyonkoye kuri Somaliya yerekeye ikivuko.

Igihugu ca Turkiya kimaze igihe kigerageza guhuza Etiyopiya na Somaliya. Ni mu gihe icuka kibi hagati y’ivyo bihugu vyompi cibonekeje kuva Etiyopiya iteye igikumu ku masezerano n’intara ya Somaliland, mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.

Ayo masezerano arekurira Etiyopiya gukodesha ubutaka buri ku nkengera z’ibahari y'Abahindi kugira ihashire ikibanza c’igisirikare kirwanira mu mazi. Mu gushimira Somaliland, Etiyopiya na yo yemeye ukwikukira kw’iyo ntara. Somaliya yatangaje ko ivyo birenga ku bwigenge n’imbibe vyayo.

Inyuma y’uko Prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, kuri uyu wa gatatu, abonanye, umwe umwe wese, ukwiwe, na Prezida wa Somaliya, Hassan Sheik Mohamud n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, barasohoreye hamwe itangazo, rivuga ko impande zompi zemeye kugirana ibiganiro, bizotangura mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka buca utangura w’i 2025.

Bitegekanijwe ko ivyo biganiro birangira mu kiringo c’amezi ane. Ivyo biganiro vyokwubahiriza ubwigenge n’imbibe za Somaliya, mu gihe vyokwemeza akamaro Etiyopiya ishobora gukura mu gushika kw’ibahari y'Abahindi. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG