Mu Burundi ejo ku musi wa kabiri ni ho basozera iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n'abigeme.
Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana no kwubahiriza agateka ka zina muntu bwarashikirije imigambi mikuru izoshirwa imbere mu kurwanya ayo mabi. Muri yo harimwo gukinga amabi no gukurikirana vyihuse abahuye n'ayo mabi.
Naho hari intambwe yatewe mu bijanye no kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina mu Burundi, haracari agahaze nk’uko bishikirizwa n’ubushikikiranganji bujejwe gushigikirana no kwubahiriza agateka ka zina muntu.
Mu gusozera iminsi 16 yari iheze mw’isekeza ryo kurwanya amabi afatiye gu gitsina, Potien Hatungimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gushigikirana yasavye abakorewe amabi kwitura inzego zibatunganiriza hakiri kare, ibimenyetso bitarazimangana.
Hatungimana avuga kandi ko izindi ntambamyi zihari zirimwo uburyo buke bwo gushira mu ngiro uwo mugambi wo kurwanya amabi afatiye ku gitsina.
Muri iyo ntumbero yo gusozera iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi afatiye ku gitsina n’agateka ka zina muntu, umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH, umenyesha ko agateka ka zina muntu kubahirijwe naho ata vyera ngo de.
Ku bijanye no kumenya ibitigiri vy’abantu bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, yaba CNIDH, ndetse n’ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, bose bavuga ko ibitigiri bibandanya kongerekana, ariko akaba ata gitigiri nyezina kizwi.
Kw’igenekerezo rya 25 ukwezi kwa 11 uyu mwaka w’2024 ni ho hatangujwe icese isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, ku civugo kigira kiti: "Twerekeza ku myaka 30 y’umugambi w’i Beijing, tuje hamwe dutuze amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme."
Forum