Uko wahagera

Ibibazo vyo Kudahembwa mu Bapolisi ba Kenya muri Hayiti


Abapolisi ba Kenya muri Hayiti
Abapolisi ba Kenya muri Hayiti

Abapolisi b'Abanyakenya bagera kuri 20 ku 400 barungitswe muri Hayiti kugwanya imirwi y'inkozi z'ikibi yaho, bashikirije amakete yo gutanga imihoho.

Abo bapolisi bashikirije amakete yo gutanga imihoho kubera imishahara yabo yatevye kubashikirira kandi bakora mu buryo bubi. Nta nyishu bararonka ku makete yabo yo gutanga imihoho.

Muri iki gihe barabandanya akazi kabo mu nteko mpuzamakungu ko guhagarika uruhagarara ruterwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi. Iyo nkuru yatangajwe n’abapolisi batatu batashatse ko amazina yabo amenyekana kubera batarekuriwe kuvugisha ibinyamakuru.

Umukuru w’igipolisi ca Kenya, Douglas Kanja, yaragize ico avuga ku makuru yatangajwe mu binyamakuru vyo muri Kenya, kw’itebeshwa ry’imishahara y’abapolisi barungitswe muri Hayiti.

Yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu w’iyi ndwi. Yavuze ko abapolisi bahembwe gushika mu mpera z’ukwezi kw’icumi. Yamara abapolisi batatu bemeye kuvuga, barahakanye ivyatangajwe n’umukuru w’igipolisi ca Kenya.

Bavuze ko ubwa nyuma bahembwe hari mu kwezi kw’icenda kw’uyu mwaka.

Kenya yarungitse abapolisi bagera ku 400 muri Hayiti kuva mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka kuyobora inteko mpuzamakungu zijejwe guhagarika uruhagara n’ubwicanyi biterwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi muri Hayiti. Vyari bitegekanijwe ko izo nteko zigera ku 2.500, ziturutse mu bihugu bigera kuri 10.

Forum

XS
SM
MD
LG