Uko wahagera

Imyigaragambyo Isaba Kwirukana Inteko z'Ubufransa muri Cadi


Cadi cari kimwe mu bihugu vya nyuma mu karere aho Ubufransa bwari bugifise abasirikare
Cadi cari kimwe mu bihugu vya nyuma mu karere aho Ubufransa bwari bugifise abasirikare

Abanyacadi amajana n'amajana, kuri uyu wa gatanu, bakoze imyiyerekano isaba ko inteko z'Ubufransa ziva mu gihugu cabo.

Iyo myiyerekano yabaye indwi imwe inyuma y’uko igihugu ca Cadi gihagaritse amasezerano ya gisirikare cari cagiranye n’igihugu c’Ubufransa.

Ku murwa mukuru N’Djamena, abari mu myiyerekano baririmba indirimbo zivuga ko Cadi ari igihugu cabo, ko Ubufransa butegerezwa kuhava.

Bamwe mu bari mu myiyerekano, kuri uyu wa gatanu, bagiye mu kibanza gikorerwamo n’abasirikare b’Ubufransa, babasaba kuva mu gihugu cabo. Abandi bakoraniye imbere y’inyubakwa ya ambasade y’Ubufransa, aho bahanganye n’igisirikare ca Cadi cari gikingiye iyo nyubakwa.

Uwitwa Hissein Massar, yigeze kuba umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Cadi, yavuze ko abanyagihugu batagishaka Ubufransa mu gihugu cabo, ko imyiyerekano izohagarara bahavuye.

Cadi cari kimwe mu bihugu vya nyuma mu karere aho Ubufransa bwari bugifise abasirikare batari bake. Mu myaka ya vuba, ibihugu vya Nijeri, Mali, na Burkina Faso vyarirukanye inteko z’Ubufransa ku butaka bwavyo.

Hari inyuma y’uko zimaze imyaka itari mike zirwanya intagondwa z’abayislamu, zifatanije n’inteko zo mu karere. Ivyo bihugu vyateye vyiyegereza Uburusiya kurushiriza, kandi iki gihugu cararungitse abacangero mu karere ka Sahel.

Forum

XS
SM
MD
LG