Uko wahagera

Abimukira Barenga 900,00o Bashobora Guhabwa Ivyangombwa na Espanye


Abimukira mu nzira igana muri Espanye
Abimukira mu nzira igana muri Espanye

Igihugu ca Espanye kigiye guha impapuro abimukira barenga 900,000 bari babayeho badafise ivya ngombwa vyo kuba muri ico gihugu.

Espagne yasiguye ko ishaka guha akazi abakiri bato, yamara Abanyaespanye bariyamiriza uwo mugambi wa reta.

Uyu mwaka igihugu ca Espanye cakiriye abanyafrika benshi, cane cane abaturuka mu bihugu vy’uburengero bw'umugabane w'Afrika, nk’uko vyatangajwe na reta.

Abarenga 41,000 ni bo bari bamaze kwakirwa gushika mu mpera z’ukwezi guheze kwa 11. Mu mwaka w’ 2023, hari hamaze kwinjira hafi 40,000.

Nka bose baca mu mw’ibahari no mu biyaga, hamwe no mu zindi nzira zitemewe n’amategeko. Abo baturuka ahanini mu bihugu nka Mali, Senegal, Maroke na Moritaniya.

Abimukira baturutse muri Senegale
Abimukira baturutse muri Senegale

Ibahari ya Atlantike, igabura umugabane w’Ubulaya mu gihugu ca Espagne na Afrika muri Maroke, ni wo muhora ucamwo benshi, n’aho abangana hafi y’abo bahasiga ubuzima. Bavuga ko baba bagiye kurondera ubuzima bwiza mu bihugu vya Bulaya.

Reta ya Espagne yatangaje ko ifise umugambi wo guha ivya ngombwa abarenga gato ibihumbi 900, bari babayeho binyegeza, kubera ata vyangombwa bafise abandi bakaba mu makambi y’impunzi. Reta ya Espanye yatangaje ko yipfuza guha akazi abakiri bato mu mahinguriro n’ahandi kuko bagifise inguvu.

Yamara ivuga ko igiye no gucungera imbibe cane kugira ntihagire abandi basubira kwinjira muri ubwo buryo.

Reta ya Espanye yavuze ko muri uwo mugambi, izoha ivya ngombwa abagera ku bihumbi 300 ku mwaka ku mwaka. mu kiringo c’imyaka itatu. Ivuga ko abenshi bazokwiga abandi bagakora ubuzi, bakinjiriza igihugu cabahaye indaro.

Umushikiranganji ajejwe abinjira n’abasohoka wa Esipanye, Elma Saiz, yabwiye bagenzi bacu b’Ijwi rya Amerika i Madrid ko reta ikeneye abakozi benshi basahiriza abageze mu za bukuru.

Yagize ati: “Turakeneye amakori n’amatagisi yo kubeshaho no kuvura abageze mu za bukuru, n’abakukuruka kuko ni benshi kandi ni igihugu kirimwo abantu bashaje benshi. Tubwirizwa guhitamwo hagati yo kwugurura imiryango, tugatunga, canke tukugara tugakena. Twebwe rero twahisemwo inzira ya mbere. Ubu abanyamahanga bariha amakori n’amatagisi ni hafi imiliyoni 3 bakabeshaho abatagishoboye gukora”.

Ikindi yavuze ni uko hazogabanywa kandi hakoroshwa uburyo butoroshe bwahoraho bwo kuronka impapuro zo gukora akazi. Yavuze ko bizotuma amahinguriro aronka abakozi bafise ubumenyi bukwiye bifuza. Ivyo bizoraba gusa abo iryo tegeko rizotorwa bari ku butaka bwa Espanye.

Ibyishimo by'abimukira bamaze gushika ku butaka bwa Espanye
Ibyishimo by'abimukira bamaze gushika ku butaka bwa Espanye

N’aho biri uko, ico gihugu kivuga ko kigiye no gufata ingingo zikomeye zo gucungera inkengera z’amazi hamwe no guha uburyo ibihugu vya Afrika nka Maroke na Senegal bimeze nk’umuhoro winjira mu mazi kigira uwo muvuduko ugabanuke.

Abagize Imana bakahashika nka Bocar Gueye w’imyaka 36 yavuye muri Moritaniya, arashima iyo ngingo hamwe n’uko yashitse muri ico gihugu yari yarahabiye kuva kera.

Yagize ati: “Nibaza ko atawashitse ngaha yokwifuza gusubira inyuma n’aho bomuha ibingana gute. Ningene twagorewe mu nzira kugira dushike ngaha, tuzorindira aho tuzoronkera ivyiza twarondeye kuva kera, naho vyoteba gute”.

Ico bikoze abanyespanye cane cane ababa ku nkengera y’ibahari bariyamiriza iyo ngendo ya reta yo gushaka guha ivyangombwa abimukira. Bamaze igihe mu mwiyerekano kuva mu kwezi kw’10. Abenshi bibaza ko bizotuma n’abari inyuma bisukira muri ico gihugu ku bwinshi.

Uyu yabwiye Ijwi rya amerika ati: “Nta banyamahanga dushaka baza gukora ngaha. Ico twifuza ni uguha ubuzi abanyagihugu bose. Tubwirizwa kwubaha isi n’agataka vyacu kandi tugakingira benevyo: ni twebwe si abo bazanano. Abana bacu none bazobaho gute? Ahubwo baduhimirize tuvyare benshi aho kwakira abanyamahanga nimba bashaka abantu ku bwinshi”

Ivyo biri uko mu gihe ibindi bihugu vy’i Bulaya ahubwo biri mu rugamba rwo kwirukana no kwanka abimukira bisukira I Bulaya ku bwinshi.

Ibindi nk’Ubwongereza vyipfuza kurungika abimukira mu bihugu vya Afrika nko mu Rwanda kurindirirayo, n’aho reta nshasha y’Ubwongereza yahagaritse uwo mugambi.

Forum

XS
SM
MD
LG