Donald Trump aheruka gutsindira amatora ya Amerika arabandanya gushira ahabona abo yipfuza kuzoshira mu mabanga atandukanye.
Yipfuza ko ibiro bijejwe gutohoza ivyaha, FBI, bitwarwa na Kash Patel yahoze ari umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano akaba ari n’incuti magara yiwe.
Ibi bisigura ko Donald Trump ni yo yamara gushika ku butegetsi mu kwezi kwa mbere, ashobora kuzokombora Christopher Wray ku burongozi bwa FBI.
Christopher Wray ni umurepublikane nka Trump. Ari mu burongozi bwa FBI kuva mu 2017. Amategeko ya Amerika ategekanya ko manda y’uwutwara FBI imara imyaka 10. Uburongozi bwa Wray bwoheze rero mu 2027.
Trump ni we yari yaramugenye mu 2017 inyuma yo kwirukana James Comey amuziza ahanini amatohoza yakoze ku kwiyamamaza kwiwe ko mu 2016.
Donald Trump n’abamwegereye ntibaraba ryiza Christopher Wray. Ni we yatanze uburenganzira bw’uko umuhana wa Trump witwa Mar-a-Lago, bawusaka bahigamwo impapuro z’amabagnga y’ihihugu yatwayeyo kandi kizira.
Mu bandi Trump amaze kuvuga ko ashaka guha ibibanza, harimwo Charles Kushner ashaka ko aba ambasaderi wa Amerika mu Bufaransa. Uyu ni se w’umukwe wa Trump yitwa Jared Kushner (REUTERS)
Forum