Uko wahagera

Prezida Faye wa Senegali Yabonye Ubwiganze mu Nama Nshingamateka


Amatora muri Senegali
Amatora muri Senegali

Umugambwe, PASTEF, wa Prezida wa Senegal, Bassirou Diomaye Faye, watsindiye ibibanza 130 ku bibanza 165 mu matora y'abanshingamateka aheruka kuba muri ico gihugu.

Iyo nkuru yatangajwe kuri televiziyo ya reta, kuri uyu wa kane, ifatiye ku biharuro vy’agateganyo vy’ivyavuye mu matora.

Prezida Faye yashitse ku butegetsi mu kwezi kwa Kane muri uyu mwaka inyuma y’uko atsinze biboneka mu matora yabaye muri ukwo kwezi. Yarasambuye inama nshingamateka yari imaze imyaka ibiri mu kiringo cayo c’imyaka itanu, kw’italiki 12 y’ukwezi kw’icenda.

Yatangaje ko gukorana n’inama nshingamateka yari ihari vyari bigoye inyuma y’uko abatavuga rumwe na reta banse kwemeza amategeko ashikirijwe n’umukuru w’igihugu.

Kubera Prezida Bassirou Diomaye Faye yaronse amajwi menshi mu nama nshingamateka, bizomuha uburenganzira bwo gushira mu ngiro imigambi yiwe yo guhindura ibintu mu gihugu yatumye ashika ku butegetsi. Ingorane yiwe ya mbere izoba yerekeye amafaranga reta ikoresha mu gihe hari ikibazo cayo gikomeye muri iki gihe.

Forum

XS
SM
MD
LG