Umunyamabanga mukuru w’umwungere wa Ekelziya Katorika yakeje Donald Trump ku ntsinzi yiwe mu matora ya prezida wa Amerika .
Kardinari Pietro Parolin yipfurije Trump ubwitonzi n’amahirwe, amubwira ko mu vyo Ekleziya katorika imurindiriyeko, harimwo ugutorera inyishu intambara zizingamitse isi, cane cane intambara ya Ukraine n’Uburusiya.
Mu kiganiro Kardinari Pietro Parolin yagiranye n’abamenyeshamakuru I Roma yagize ati : « Tuwmipfuije ubwitonzi bwinshi kuko ari yo ndagagaciro ya mbere bibiriya ivuga ku ndongozi nziza ».
Abamenyeshamakuru babajije Kardinari Parolin ico yibaza ku vyavuzwe na Donald Trump ko azorangiza intambara ya Ukraine mu mashaa 24, aca yishura ati : « Reka tuvyizere. Tuvyizere. Nibaza ko nawe nyene ata bubasha bwo gukora ibitangaza ( Magie) afise. Kugira intambara ihere, hakenewe ukwicisha bugufi kwinshi n’uukwitanga cane. Birasaba ko umuntu ashira imbere inyungu rusangi, iziwe bwite akazibagira. Turizera ko azoshobora kuzana amahoro n’ituze.»
Kardinari Parolin aza ubwa kabiri mu burongozi bwa Ekleziya Katorika. Yavuze ko ikindi Vatikano yipfuza, ari uko Donald Trump azotwarira Abanyamerika bose.
Ekeziya katorika igize ico ivuga ku ntsinzi ya Donald Trump inyuma y’uko mu kwezi kw’icenda, Papa Fransisiko yagirije abakandida babiri mu matora y’uno mwaka kudaha agaciro ubuzima bwa kiremwa muntu : Papa Fransisiko yanebaguye Kamala Harris kubera ashigikira
abakuramwo inda ku bushake bwabo, yagiriza Trump kudaha agaciro no gukumira abimukira. Ico gihe, yavuze ko uko ari babiri, ivyo bakora canke bashigikiye ari ibicumuro. (AFP)
Ekleziya Katorika Yakeje Trump Imwipfuriza Ubwitonzi Bwinshi

Forum