Uko wahagera

Uburusiya Bwakoze Ibitero Kuri Kiev Bukoresheje Indege Zitagira Abadereva


Uburusiya bwakoze ibitero ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev, bukoresheje indege zitagira abadereva “drones” vyamaze hafi amasaha ane mw'ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatanu.

Mu butumwa yashize ku rubuga Telegram, umuyobozi wa gisirikare w’umurwa mukuru, Kiev, Serhiy Popko, yavuze ko ata makuru yerekeye abakomeretse, abategetsi bo muri ico gisagara bari bwaronke.

Yasiguye kandi ko ibisigarira vya drone vyatumye umuriro waduka mu bice vyaguyemwo, yamara wazimijwe mu nyuma yaho

Ibaye incuro ya 15, Uburusiya bukora ibitero ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev, bukoresheje drone na misile muri uku kwezi, nk’uko vyatangajwe n’abategetsi b’ico gisagara kuri uyu wa gatanu.

Abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, batangaje ko amabombe atari make yaturitse mu bice bitari bike vyo muri Ukraine mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatanu.

Muri rusangi, ibikoho vyo kwivuna ibitero vya misile na drone vya Ukraine vyasambuye ibibombe 36 kuri 63, Uburusiya bwakoresheje mu bitero vyabwo mu bice bitandukanye vya Ukraine.

Nyinshi muri zo zasamburiwe mu kirere co ku murwa mukuru, Kiev no mu ntara zo mu bumanuko bwa Ukraine. Izindi 16 zataye inzira yazo. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG