Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi wa Reta Zunze ubumwe za Amerika, Lloyd Austin, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko hari ivemezo ko abasirikare bo muri Koreya ya ruguru bari mu Burusiya.
Umushikiranganji Lloyd Austin, yabwiye abamenyeshamakuru ko barindiye kubona ico abasirikare ba Koreya ya ruguru bariko bakora mu Burusiya. Ibi abitangaje umusi umwe inyuma y’uko Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, avuze ko reta yiwe ifise amakuru ko abasirikare ba Koreya ya ruguru bariko bimenyereza mu Burusiya mu ntumbero yo kurwana muri Ukraine.
Lloyd Austin yatangaje ko Uburusiya na Koreya ya ruguru vyakomeje imigenderanire hagati yavyo kurushiriza, kandi ko Koreya ya ruguru yahaye ibirwanisho Uburusiya. Yatangaje ko niba imigambi ya Koreya ya ruguru ari kwifatanya n’Uburusiya mu ngwano ico gihugu kirimwo na Ukraine ari ikibazo gikomeye cane kizogira ingaruka ku mugabane w’Ubulaya. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ku musi wa kabiri, yavuze ko
Ukraine yiteze ko amakungu yishura ku buryo bugaragara kuri ico kibazo.
Muri ico gihe, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya, kuri uyu wa gatatu, bwatangaje ko igisirikare cabwo casambuye utudege tutagira abadereva 14 za Ukraine mu bice biri ku rubibe rw’ibihugu vyompi. Ubwo bushikiranganji bwavuze ko igisirikare c’Uburusiya casambuye kandi ubwato 4 bwa Ukraine mw’ibahari yirabura. (VOANEWS)