Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, yabwiye umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi, ko ibihugu vyabo bikwiye kurengera ivyo bitumvikanako.
Abo bategetsi bompi babonanye ku ruhande rw’inama y’ishirahamwe ry’ibihugu biriko biratera imbere mu butunzi, BRICS, iriko ibera mu gisagara ca Kazan, mu Burusiya.
Abitegereza ibintu n’ibindi bavuze ko ari ikimenyetso c’uko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yatosekaye igihe vyatana mu mitwe mu mwaka w’i 2020, yatanguye gusubira kunaguka.
Inama hagati ya Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, yabaye imisi ibiri inyuma y’uko Ubuhindi butangaje ko bwashitse ku masezerano n’Ubushinwa agenewe gutorera inyishu uguhangana kuri hagati y’ivyo bihugu vyompi ku rubibe bihana rurimwo amatati, ruri mu misozi ihanamye ya Himalaya.
Utwigoro two kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi twarabaye mu mezi ya vuba inyuma y’uko abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu vyompi bahuye mu kwezi kw’indwi. Ico gihe barumvikanye kuganira kugira bigabanye imishamirano iri ku rubibe bisangiye.
Forum