Umukuru w’umwe mu mirwi y’inkozi z’ikibi iteje umutekano muke muri Hayiti yakomerekeye mu gutana mu mitwe kuriko guhuza abagizi ba nabi bo muri ico gihugu, n’abapolisi ba Kenya bagiye gufasha kugarukana amahoro.
Uwakomeretse bamutazira “Deshommes.” Aza ubwa kabiri mu burongozi bw’umurwi witwa Kraze Baryè gang, ugisibije muri Hayiti. Deshommes yakomerekeye mu gutana mu mitwe kwa mbere kubaye hagati y’abagizi ba nabi n’abapolisi ba Kenya, kuva ONU irungika ingabo zija kugarukana amahoro muri ico gihugu.
Igipolisi ca Hayiti cavuze ko abagizi ba nabi bagera kuri 20 baguye muri uko gutana mu mitwe kwabereye ahitwa Torcelle mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru, Port-au-Prince. Akarere ka Torcelle bariko barwaniramwo, kari mu minwe y’abagizi ba nabi.
Polisi ya Hayiti yemeza ko mu bikorwa irimwo kuva ku wa gatandatu ifatikanije n’abapolisi barungitswe na Kenya biciye muri ONU, yashoboye gufata ibirwanisho, amaterefone n’ibindi bikoresho abagizi ba nabi bariko barifashisha mu guhungabanya umutekano wa Hayiti.
Igipolisi ca Hayiti kibandanya kuvuga ko kigiye kubandanya ibikorwa vyaco, gushika uwitwa Vitel'Homme Innocent, atwara umwe mu mirwi ikomeye y’abagizi ba nabi muri Hayiti azimanganijwe.
Vitel'Homme Innocent, asanzwe ari mu bihano vya Amerika, ubumwe bwa Buraya n’akanama ka ONU kajejwe umutekano. Amerika yemeye kuzotanga agashimwe k’ imiriyoni zibiri z’amadorari ku wotanga amakuru yotuma afatwa.
Mu mabi yagirizwa, harimwo kuba yaranyuruje abavugabutumwa b’abakristu 16 mu 2021, urupfu rw’umuvugabutumwa yitwa Marie Franklin hamwe n’inyuruzwa ry’umugabo wiwe mu 2022. Amerika yaramuciriye urubanza kuri ibi vyaha vyose
Forum