Ubudagi bugabisha ko hashobora kuzogera mu 2030 Uburusiya bufise inguvu zo gutera ibihugu biri mw’ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN.
Abatanze imburo mu nama nshingamateka y’Ubudagi ni abajejwe igisata c’iperereza ryo hanze, iryo mu gihugu hamwe n’irya gisirikare.
Umukuru w’igisata c’iperereza ryo hanze, Bruno Kahl, yabwiye inama nshingamateka y’Ubudagi ati: “Nshingiye ku bikoresho n’ingabo Uburusiya bufise, burashobora kuzotera ibihugu bigize OTAN bitarenze mu 2030.”
Bruno Kahl yaburiye kandi ko Uburusiya buriko burongereza inguvu zo kuburizamwo ibikorwa vy’abashigikira Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya. Ku bw’uwo mutegetsi, Uburusiya burashobora kuzoja mu ntambara n’urunani rwa gisirikare ruyobowe na Amerika.
Yuhirira mu rya Bruno Kahl, Thomas Haldenwang ajejwe iperereza ry’imbere mu gihugu nawe yavuze ko Uburusiya bwagwije ibikorwa vyo gusuma urusaku no gushaka kugirira nabi Ubudagi.
Yatanze uturororero dutandukanye turimwo ipaki yarimwo ibintu biturika, Uburusiya bwari bugiye kurungika mu Budagi ariko “Imana irakinga, biturika bitarashika mu ndege”
Thomas Haldenwang yabwiye abashingamateka bo mu Budagi ati: “Iyo biza guturikira mu ndege itwara imizigo, indege yari gusambuka ibisigarira vyayo bigahitana abatari bake.”
Uwujejwe iperereza ry’imbere mu gihugu yabandanije kuvuga ko Uburusiya bwijukiye no gutanga amakuru y’ibihuha, kandi ko bwarungitse indege zitagira abadereva gusuma urusaku mu bibanza nkoramutima vy’Ubudagi. Yasiguye ko bubandanya kurondera abo bukoresha mu makungu barimwo abagizi ba nabi.
Martina Rosenberg atwara iperereza rya gisirikare nawe yongeyeko Uburusiya bwibasiye igisirikare c’Ubudagi biciye mu gusuma urusaku no kugerageza kubangamira ibikorwa vyaco. Ubudagi buza ubwa kabiri mu bihugu biha Ukraine imfashanyo nyinshi mu ntambara irwanamwo n'Uburusiya. Ica mbere ni Amerika (AFP)
Forum