Abategetsi ba Somaliya batangaje ko bakiye neza umugambi w'igihugu ca Misiri wo kurungika inteko zijejwe gucungera umutekano mu gihugu cabo.
Abategetsi ba Somaliya batangaje ko igihugu ca Misiri cemeye kurungika inteko zijejwe gucungera umutekano mu gihugu cabo, hisunzwe amasezerano yapfunditswe hagati y’ivyo bihugu.
Prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, kuri uyu wa kane, yaritavye inama yabereye ku murwa mukuru wa Eritreya, Asmara, aho we n’abategetsi b’ibihugu vya Somalya na Eritreya bemeye gufashanya bikomeye, ku bijanye n’umutekano mu karere.
Abategetsi ba Somaliya batangaje inyuma y’inama ko bakiye neza iciyumviro ca Misiri co kurungika inteko muri Somaliya gufasha kugarukana umutekano mu gihugu cabo, igihe inteko z’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika zihari muri iki gihe, zizoba zahavuye mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka.
Iyo nama yo muri Eritreya yabaye mu gihe hari icuka kibi mu karere ko mw’ihembe rya Afrika, caturutse ku matati hagati ya Etiyopiya n’ibihugu vya Misiri na Somaliya. (AP)
Forum