Uko wahagera

RDC: ONU Iriyamiriza Amabi Akorerwa Abanyororo


Volker Turk arongoye igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu
Volker Turk arongoye igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu

Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu kivuga ko amabi akorerwa abanyororo bapfungiwe mu mabohero atandukanye no mu biro vy'iperereza muri Republika ya Demokarasi ya Kongo, ari umurengera.

Volker Turk arongoye igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, yavuze ko amabi agwiriye mu mabohero atandukanye muri Kongo, arimwo guhohotera abanyororo no gufata ku nguvu abapfasoni bapfunzwe.

Mu nama yabereye i Geneve mu Busuwisi, ahari icicaro c’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, Komiseri Volker Turk yavuze ko benshi mu banyororo bo muri Kongo bataronswa abababuranira. Yavuze ko hari n’abadafise uburenganzira bwo kubonana n’imiryango yabo.

Turk yavuze ko amabi menshi akorerwa ahanini mu busho usanga buri mu minwe y’urwego rw’iperereza.

Abategetsi batandukanye ba Kongo barimwo umuvugizi w’igisirikare gisanzwe kiraba igisata n’umuvugizi wa Prezida Felix Tshisekedi, banse kugira ico bavuga ku vyagiriji vya ONU.

Komiseri Volker Turk yibukije kandi ko mu kwezi guheze, abagore 260 bo mw’ibohero rikuru ry’ahitwa Makala i Kinshasa, bafashwe ku nguvu, 129 baricwa. Vyabaye igihe hari abariko barashaka gutoroka iryo bohero ritari ritegerejwe kurenza abantu 1.500, ariko ripfungiwemwo ibihumbi 15 (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG