Uko wahagera

Mu Burundi Hadutse Ingwara Yumisha Ivyamwa


Abarimyi bavuga ko batewe umutima uhagaze niyo ngwara
Abarimyi bavuga ko batewe umutima uhagaze niyo ngwara

Abanyagihugu barimira ivyamwa bitandukanye muri komine ya Kabezi intara ya Bujumbura birimwo mandarine, imicungwe,amavoka n’ipapayi bavuga ko umwimbu wabaye muke kubera vyatewe n’ingwara y’ubukoko butuma vyuma bigahunguka.

Abo bavuga ko batewe umutima uhagaze niyo ngwara yateye kuko ivyo biti baba babiranguye ku mafaranga menshi, hageze kwimbura bakabura ayo bacira n’ayo bamira.

Abo banyagihugu basaba reta ko abajejwe uburimyi bohimirizwa kubaba hafi kuko iyo bahuye n’ibibazo nk’ivyo bataronka ababafasha ku gihe. Basigura ko n’ibigazi bisanzwe bivamwo amavuta y’amamesa na vyo vyafashwe.

Abajejwe uburimyi mu ntara ya Bujumbura na bo bavuga ko mu bushakashatsi bwakozwe ata bwoko bw’ingwara yateye ivyo vyamwa iramenyekana.

Basaba abarimyi kumenyesha ababijejwe igihe cose babonye ikintu gishasha kidasanzwe ku biti vy’ivyamwa. Babasaba kandi kutihutira gupompa imiti batarabimenyesha abajejwe uburimyi muri ako gace.

Abarimyi bavuga ko imyaka igera kuri 3 iheze ivyamwa vyabo birimwo amavoka, mandarine, imicungwe,ipapayi n’ibindi bifashwe n’indwara bigenda vyiyongera uko iminsi ihera.

Basaba ko vyokwirikiranwa vuba kuko ivyo vyamwa bishobora kuba bike cane mu gihugu hose.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:59 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG