Uko wahagera

Isirayeri Yemeje ko Yishe Indongozi Nkuru ya Hezbollah


Hassan Nasrallah
Hassan Nasrallah

Umurwi Hezbollah wo muri Libani wemeje ko indongozi yawo Hassan Nasrallah, yaguye mu gitero c’indege ca Isirayeri. Hassan Nasrallah ari mu bashinze Hezbollah yagandaguriwe I Beirut ku murwa mukuru wa Libani.

Itangazo ry’umurwi wa Hezbollah wo muri Libani washinzwe ukaba ushigikiwe na Irani rigira riti: “ Nasrallah yahambije abandi ba maratiri” Umuri wa Hezbollah wahize ko ugiye kubandanya intambara wise nyeranda, kugira wivune “ umwansi”, kandi utazohengeshanya gushigikira Palestina.

Igisirikare ca Isirayeri cemeje ko ari co cishe Nasrallah yari amaze imyaka irenga 30 atwara Hezbollah. Cavuze ko cagavye kigambiriye igitero yaguyemwo ejo ku wa gatanu, ahariko habera inama y’indongozi za Hezbollah I Beirut ku murwa mukuru wa Libani.

Liyetena koloneli Nadav Shoshani avugira igisirikare ca Isirayeri yavuze ko ico gitero c’indege cashobotse kubera amakuru y’ubunetsi Isirayeri yari imaze imyaka myinshi itorororokanya mu ntumbero yo kumenya aho Hassan Nasrallah aherereye umwanya ku mwanya.

Isirayeri yirinze kuvuga ubwoko bw’ibigwanisho yakoresheje mu kugaba ico gitero c’indege. Yanse kandi gutanga ibiharuro vy’abasivile boba bakiguyemwo. Ku rundi ruhande ariko, Libani yavuze ko abandi bantu 6 barimwo izindi ndongozi za Hezbollah bakiguyemwo, 91 bagikomerekeramwo. Libani nayo nyene ntiyigeze ivuga niba hari abasivile bakiguyemwo.

Umurwi wa Hamas ufatwa nka somambike wa Hezbollah wavuze ko ubabajwe n’urupfu rwa Nasrallah, afatwa nk’umwe mu bari bashigikiye cane Hamas mu ntambara irimwo na Isirayeri.

Mw’itangazo umurwi wa Hamas wasohoye wagize uti: “ Amateka yaratweretse ko igihe cose duharaniye agateka kacu, hakagira indongozi irwa mu rugamba turimwo nk’umumaratiri, havuka abandi benshi bafise ubutwari”.

Mu gihe abanyagihugu batandukanye muri Libani bababajwe n’iyicwa rya Hassan Nasrallah, Isirayeri yavuze ko kumugandagura bidasiguye ko intambara iheze. Yagabishije ko igiye kubandanya kugaba ibitero kuri Hezbollah. Nasrallah yari amaze imyaka irenga 30 atwara Hezbollah.

Forum

XS
SM
MD
LG