Ubwato bw'ingwano bw'igihugu ca Misiri ku ncuro ya kabiri bwahaye ibirwanisho bitari bike Somaliya. Birimwo ibikoho birasa indege z'ingwano na vya muzinga.
Ubwato bw’ingwano bwa Misiri bwatanguye gukura ibirwanisho vyari biburimwo ku musi w’Imana.
Kuri uyu musi wa mbere ivyo bigwanisho vyajanywe mu nyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi yo muri Somaliya no mu bibanza vya gisirikare biri hafi yaho.
Ivyo vyemejwe n’abakozi babiri bakora ku kivuko n’abategetsi babiri b’igisirikare ca Somaliya.
Guha ibirwanisho Somaliya bishobora gutuma icuka kibi cari kihasanzwe hagati y’ibihugu vyompi na Etiyopiya ciyongera kurushiriza.
Imigendranire hagati ya Misiri na Somaliya yarakomeye cane muri uyu mwaka kubera ivyo bihugu vyompi vyinuba Etiyopiya. Vyatumye Misiri irungikira Somaliya ibirwanisho bitari bike.
Hari inyuma y’uko ivyo bihugu vyompi biteye igikumu ku masezerano yo gufashanya mu bijanye n’umutekano mu kwezi kw’umunani kurangiye.
Etiyopiya yarashavuje Somaliya mu gutera igikumu mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka, ku masezerano na Somaliland yo gukodesha ubutaka bwo gushiraho ikivuko muri iyo ntara.
Ku rundi ruhande, Etiropiya yemeye ubwigenge bw’iyo ntara. Misiri imaze imyaka itari mike irabana ay’ingwe na Etiyopiya kubera urugomero rukomeye Etiyopiya yubatse ku ruzi Nil.
Somaliya yari yiyamirije amasezerano Etiyopiya yagiranye na Somaliland. (REUTERS)
Forum