Uko wahagera

Abantu 15 Bishwe n'Ibitero vy'Intege muri Gaza


Abantu batwaye inkomere mu mashuka nyuma y'igitero cy'indege za Isirayeli
Abantu batwaye inkomere mu mashuka nyuma y'igitero cy'indege za Isirayeli

Igisirikare ca Isirayeri, mu gitondo co kuri uyu wa mbere, cakoze ibitero vy’indege z'ingwano mu ntara ya Gaza. Ivyo bitero vyahitanye abantu 16. Abategetsi b'Abanyapalestina ni bo batangaje iyo nkuru.

Igisirikare ca Israyeri catangaje kandi ko casambuye ibikoho 20 birasa rokete vy’umurwi Hezbollah n’ibibanza vya gisirikare vy’uwo murwi mu bumanuko bwa Libani.

Ibitero vyakzwe mu ntara ya Gaza vyasambuye inyubakwa iri mw’ikambi y’impunzi y’ahitwa Nuseitar, hagati mu ntara ya Gaza. Vyahitanye abantu batari musi ya 10, abandi 13 barakomereka.

Abandi bantu 6 bishwe mu kindi gitero ca Israyeri mu ntara ya Gaza, barimwo abapfasoni 4 n’abana 2.

Uyu musi kandi, igisirikare ca Israyeri catangaje ko mu gitondo co ku musi w’Imana, rokete zigera kuri 40 zarashwe ziturutse muri Libani zigana intara ya Galile yo mu buraruko.

Zaguye mu gice kiri mu buraruko bw’imitumba ya Golani. Umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ku musi w’Imana, yaratangaje ko ibintu bitifashe neza ku rubibe hagati ya Israyeri na Libani.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baba ku rubibe hagati y’ibihugu vyompi baravuye mu vyabo. Netanyahu yavuze ko ibintu bidashobora kubandanya uko biri muri iki gihe.

Yavuze ko abategesi ba Israyeri bazokora ibishoboka vyose kugira bagarukane abanyagihugu bavuye mu vyabo mu ngo zabo. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG