Uruja n'uruza rw'indege rwahagaze ku kibanza c'indege muri Kenya, citiriwe Jomo Kenyatta.
Ni mu gihe abakozi bo kuri ico kibuga c'indege bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza amesezerano Reta yagiranye n'isosiyete yo mu Buhindi, Adani Group; amasezerano yerekeye gusanura no kwagura ico kibuga c'indege.
Ingenzi zikoresha ikibanza citiriwe Jomo Kenyatta, zabuze ayo zicira n’ayo zimira. Indege zahagaze kuva iyo myiyerekano itanguye. Reta yari yatangaje ko amasezerano yagiranye n’isosiyete Adani Group yotuma ikibuga mpuzamakungu citiriwe Jomo Kenyatta gisanurwa kandi kikongera kikagurwa. Ico kibuga c’indege n’ibikorwa bigikorerwako vyoba kiri mu minwe y’isosoieye yo mu Buhindi, Adani Group mu kiringo c’imyaka 30.
Ishirahamwe riserukira inyungu z’abakozi bo ku bibuga vy’indege zitwara abantu muri Kenya, Kenya Airport Workers Union ryatangaje ko amasezerano reta yagiranye n’isosiyete, Adani Group, azotuma Abanyakenya batakaza ubuzi, abasigaye na bo bakorera mu buryo budashemeye.
Sosiyete y’indege itwara abantu n’ibintu muri Kenya, Kenya Airways, kuri uyu wa gatatu yatangaje ko ingendo z’indege zizotebeshwa, mbere bikanashoboka ko zisibishwa kubera imyiyerekano yo kugarariza akazi ibandanya kuri ico kibanza c’indege citiriwe Jomo Kenyatta.
Ku musi wa mbere w’iyi ndwi, sentare nkuru muri Kenya, yari yabaye irahagarika ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yapfunditswe hagati ya Reta ya Kenya n’isosiyete, Adani Group gushika urubanza rwashingishijwe n’amashirahamwe ashigikiye inyungu z’abanyagihugu, Law Society na Kenya Human Rights Commission, rwumvirijwe. (AFRICANEWS)
Forum